4G LTE

Ikarata SIM 4G ibafasha vyinshi cane, ituma mushobora kuja kuri internet mukoresheje umuvuduko udasanzwe vyongeye uguze iyo karata SIM usangamwo uturusho twinshi cane. Iyo karata SIM iri mubwoko bubiri:

Ikarata SIM 4G isanzwe: Uronka 1000Fbu (bonus) ukiyigura hamwe na 30 MB na 30 SMS kuri Lumitel uhejeje gushiramwo ama inite yambere yukwezi

Amezi 2 akwirikira uronka:

  • 30 SMS kuri Lumitel + 30 MB iyo ama inite yambere adashika 500 Fbu
  • 30 SMS kuri Lumitel + 30 MB + 500 Fbu (bonus) iyo ama inite yambere uguze mukwezi ari hagati ya 500 Fbu na 1000 Fbu
  • 30 SMS kuri Lumitel + 30 MB + 1000 Fbu (bonus) iyo ama inite yambere arenga 1000 Fbu

Ikarata SIM 4G VIP: igurwa 5000 Fbu ugasangamwo 5000 Fbu(bonus) + 500 MB ukiyigura. Amezi 5 akwirikira uronka 500 MB kukwezi, itariki yambere yukwezi

1.    4G/LTE ni iki?

4G ni urunganwe rwa 4 rw’ubuhinga bwa none mubijanye n’imihora yo gutumatumanako amakuru. Ibaronsa umuvuduko unyaruka no gukoresha interenete ku buhinga buteye imbere. Muzobona kandi ubudasa igihe muzoba muriko mura telechargea ama photo canke muri kurubuga ngurukana bumenyi. Biranyaruka.

- 3G na 4G bitaniye hehe ?

Umuvuduko 4G, Lumitel ibaronsa interenete inyaruka nk’akaravyo, umuvuduko wayo ugera kuri 60Mbps canke 20Mbps tugereranije, ni kuvuga ko inyaruka kurusha umuvuduka wa 3G incuro 10.

4G ni umuhora wo gukoresha kuri interenete gusa. Ni kuvuga ko baguhamagaye, ico gisata gica gihinduka ubwo nyene kiva muri 4G kija muri 3G. Mu gihe muriko murahamagara canke babahamagaye, muca mubona ahanditse « 4G » canke « LTE » handitse « 3G ». Muhejeje guhamagara, muca musubira gukoresha 4G uko vyamye.

- Ni Irihe tandukaniro riri hagati y’amazina 4G na LTE ?

Nta tandukaniro na rimwe rihari. 4G bakunda kenshi kwita LTE, isigura « Iterambere riramba ». Amashirahamwe menshi akora ama terefone akoresha ayo mazina yose 2, muri Iphone muzosanga bayita LTE ku ma terefone ya Android nayo bakoresha zose zibiri 4G na LTE.

- Ni igiki nshobora gukoresha 4G ya Lumitel ?

  • 4G bisigura interenete inyaruka cane, mushobora :
  • Kuraba video na Television ku buhinga ngurukana bumenyi bidateba.
  • Guhamagara ukoresheje video atangorane
  • Gu telechargea amasanamu na ma video bidatevye.
  • Kurungika ama video n’indirimbo kubuhinga ngurukana bumenyi.

- Noronka gute 4G ?

  1. Mukeneye kuba muri ahantu umuhora wa 4G ushika, ubu aho ishika ni i Bujumbura no mu bisagara vya Gitega, Ngozi, Muyinga, Makamba na Rumonge.
  2. Mukeneye kuba mufise igikoresho cemera 4G ni kuvuga Smartphone canke routeur.
  3. Mukeneye ikarata SIMU ya 4G, kubera 4G ari ubuhinga bushasha amakarata SIMU ya kera ntakoresha 4G. mushobora kugura ikarata SIMU nshasha canke mugahinduza ni yo mwari musanzwe mufise mu mangazini ya Lumitel iherereye mu micungararo ishikamwo 4G.
  4. Kugura umutekero wa 4G
  5. Kugurura 4G ku gikoresho cawe.

 

2.    Ni hehe dusanga umuhora wa 4G?

Umuhora wa 4G wa Lumitel ubu uboneka hagati mu gisagara ca Bujumbura, no hagati mu bisagara vya Gitega, Makamba, Ngozi, Muyinga na Rumonge

- Nomenya gute umucungararo ushikamwo 4G ?

Iyo uri mukarere 4G ishikamwo, kuri terefone yanyu muca mubona handitse « 4G » canke « LTE » yiyandika iruhande yutumenyetso tw’umuhora.   

- Igikoresho canje kizoguma kiri ku murongo wa 4G ?

Muzoza murabona igikoresho canyu kiva kuri 3G kija kuri 4G igihe muhinduye akarere muherereyemwo kuko igikoresho gihitamwo umuhora uba umeze neza muri ako karere muba murimwo. Mu gihe umuhora wacu ubandanya utera imbere, muzoza murabona kenshi ibikoresho vyanyu bifata umuhora wa 4G kurusha uwa 3G.

Mukoresheje MIFI canke Routeur kuri ordinateur muzobona ordinateur yanyu yanditseko 3G canke 4G.

3.    Ni ibihe bikoresho bijamwo 4G ?

4G ya Lumitel ikorana na ma terefone menshi nka smartphone zanyuma zigezweho za Apple, Samsung, LG, Lenovo na BlackBerry...

Ubu, Lumitel irafise ibikoresho 2 bikoreshwa na 4G : terefone izimbutse L9501 na routeur 4G LR402, muzobisanga mu ma mangasini ya Lumitel yo mu bisagara bikurubikuru.

 

Ingene bashiramwo 4G muri terefone

Izina rya terefone

Ingene muhindura Parametres za Réseau

Kuraba parametres za APN

Apple

Ja muri réglages > General >
Données mobiles hama mwatse LTE/4G

Nimba muhindura APN nintoke, mukeneye gusubira kwandika « internet ».


Mutabizi, hamagara kuri 100

HTC

Ja muri réglages > Données mobiles >
Mode Réseau hama uhitemwo LTE/4G

Huawei

Ja muri réglages > Réseaux mobile >
Mode Réseau hama uhitemwo LTE/4G

Nokia

Ja muri réglages > Réseaux mobile > muri connexion rapide, hitamwo 4G

Samsung

Ja muri réglages > Réseaux supplémentaire >
Mode Réseau hama uhitemwo LTE/4G

Sony

Ja muri réglages > Réseaux mobiles >
Mode Réseau hama uhitemwo LTE/4G

Izindi

Ja muri réglages > Réseaux mobiles > hama mwatse LTE/4G