Agafixe

Agafixe ni ikidandazwa gishasha ca Lumitel Burundi, gifasha abanywanyi mu bijanye n’ubuhinga bw’ama telefone yo mu nzu, akarusho ka agafixe n’uko umurongo woroshe gutora, igiciro co guhamagara nico ca mbere gitoyi kandi agafixe ikoresha umuhora wa Lumitel ukwira mu gihugu cose. Agafixe ni i telefone yo mu nzu kandi ngendanwa, yagenewe gukoreshwa mu ngo canke mu biro.  

1. Ibiyiranga:

  • Igiciro co guhamagara ca mbere kizimbutse: kuva ku mafaranga 36 k’umunota.
  • Telefone uriha imbere: nta masezerano akenewe, ntibarihisha ku kwezi.
  • Nta mafaranga uriha kugira baguhe umurongo
  • Umurongo woroshe kuronka
  • Umuhora mwiza, ukwira mu gihugu cose.
  • Umuriro w’i telefone umara iminsi 30.

- ibindi b’iyiranga:

  • akarusho uronka uhejeje kw’iyandikisha : amafaranga 1000 n'iminota 30 hamwe n’ubutumwa 30, bwogukoresha kuri Lumitel
  • Akarusho ko kukwezi: uronka iminota 30 + ama SMS 30 kukwezi mu kiringo c’amezi 2
  • i telefone ishobora kurungika no kuronka ubutumwa SMS
  • I bateri yuzuye, i telefone urashobora kuyigendana. Umuriro umara iminsi 30.
  • Ishobora kuvugira hejuru
  • irerekana i numero z’uwuhamagaye
  • irafise i radiyo ivugira hejuru
  • Irashobora gushiramwo umuriro mu telefone ikoresheje powerbank

2. Ibiciro:

Ni mu ryohegwe n’ibiciro vya mbere bizimbutse kw’isoko ryo gutumatumanako hamwe na Lumitel :

No

Service

Unité

 Ibiciro (Fbu)

 
 

1

guhamagara

Block

1s+1s

 

1.1 

K’umuhora wa Lumitel

 

 

 

 

Fixe - Fixe

Min

36

 

 

Fixe - Mobile

Min

74

 

1.2 

Iyindi mihora

 

 

 

 

Fixe - Fixe

Min

57

 

 

Fixe - Mobile

Min

95

 

2

              Ubutumwa

 

 

 

 

K’umuhora wa Lumitel (Fixe na mobile)

SMS

15

 

 

K’uyindi mihora (Fixe na mobile)

SMS

30

 

3

Internet

MB

60

 
 

 Ibiciro vyo guhamagara hanze, bisa n’ivyo ku ma telefone ngendanwa.

3. ibindi bisata n’ibiyigenga:

- Inumero z’umuryango:

  • Uwukoresha agafixe ashobora guhitamwo i numero 3 z’ama telefone ngendanwa ya Lumitel akazigira « i numero z’umuryango » kugira azihamagare ku giciro gito : amafaranga 36 k’umunota na 15 k’ubutumwa.
  • Guhitamwo ubwa mbere izo numero z’umuryango ni k’ubuntu, kugira uzihindure uriha amafaranga 10.000 ku numero.
  • Kugira uhitemwo i numero z’umuryango, u fyonda *140# ugakurikiza ivyo bakubwira.
  •  CUG y' AgaFixe

    izina

    Amafaranga

    yo kwiyandikisha  (Fbu)

    Amafaranga yo gutunganya igisata  Lumitel (Fbu)

    Ama unite mububiko (Fbu)

    Ama inité ku bagize umurwi  (Fbu)

    Ibiciro mumurwi

    guhamagara/SMS (min)

    Abagize umurwi

     
     

    CUG_15,000

    15,000

    10,000

    5,000

    Agaburwa numukuru w’umurwi

    K’ubuntu

    5

     

    CUG_5,000

    5,000

    5,000

    0

    -

    500

    5

     

    CUG_3,000

    3,000

    3,000

    0

    -

    300

    5

     

             Iyo AgaFixe ishizwe mu murwi CUG isanzwe (abari muri uwo murwi bose bakoresha umutekero umwe wa   CUG) Igiciro co guhamahamagara uyundi ari muyo murwi ni 36 Fbu/min.

     

- Akarere agafixe ikoreshwamwo :

  • Agafixe ikoreshwa mu karere yanditswemwo, ni kuvuga ingo ziharuye, umunywanyi arinda guhitamwo akarere mu gufyonda *140#                                            
  • Itelefone ntisubira gukora iyo itari mu karere yagenewe gukoreramwo
  • Umunywanyi arashobora guhindura akarere bitarenga 2 k’ukwezi, mu guhindura irya mbere ni k’ubuntu, irya kabiri ariha amafaranga 10.000